Home » Posts tagged "Master Muzik"
Jun 18, 2018 0 comment

New Video | Mirror Team ku rundi rwego rwiza..

New Video | Mirror Team ku rundi rwego rwiza..
Birahimbaye cane iyo uzi ko uva mu gihugu nk'Uburundi ugaca ubona umunyagihugu araririmvye indirimbo nk'iyi, mu rurimi wumva, n'abantu uzi ko muva mu gihugu kimwe, abosore n'ibigeme beza vy'ukuri kuko aba ar'iteka, biranaryoha uri umunyamahanga utumva na kimwe ariko ukaraba amasanamu nkaya, bikiyumyura iyo wihebuye ko ataco uri butahure mu ndirimbo, ukumva bakorokejemwo utujambo turi mu rurimi rw'icongereza ugaheza ukitoramwo ukisangamwo, ntushake kuvamwo ukavuga nti ngumizayo..   Aho uba ubaye nka Mirror Team ;umurwi w'abasore bane ubwabo  baraye bashize ku mugaragaro indirimbo nziza cane, mu matwi ya benshi bumvirije ico gikorwa categuriwe muri #Master_Muzik, n'umuhinga Kanes's touch na TRICK on the beat eka kikaba kiriko kiranyura n'amaso ya benshi baravye amasanamu yahinyanyuwe n'umuhinga Landry SB     Ni umunezero wacu nk'uruganda rwa master-muzik.com kuguhamagarira kuraba ino #Video  Akaryo ni rwawe Fyonda aho ahari ishusho canke video, ...
read more
Apr 20, 2018 0 comment

Newz | Hagati ya Channy Queen na Esther Nish ninde bateye akadobo?

Newz | Hagati ya Channy Queen na Esther Nish ninde bateye akadobo?
Icambere n'abigeme basanzwe bafise amajwi atyoroye nk'ay'abamalayika atagira agasembwa n'ubunararibonye mu vya Live Music, vyatangaje benshi biranabanezera kwumva bahujwe n'indirimbo imwe, bayihurizamwo ubwo buryohe bw'amajwi yabo n'insubirajwi zitandukanye ..indirimbo babatije iina rya "Ntiyari uwanje" Mbeho ni kuber'iki iryo zina? UWumvirije ubutumwa naho ntawogenda atagize amakenga canke ngo areke kwibaza vyinshi narirya abatari bake bamaze kwibaza ko ubutumwa bwaririmbwemwo ari ubutumwa bwa nyabwo bimwe benshi bita True Story.. ,iyo ikaba ari inkuru yacu yohanyuma ,nkuko tugiye kubija imuzi tubamenyeshe iyo bija n'iyo biva nkuko twiyemeje kubaha inkuru ziri ku gihe kandi zitagira agasembwa.. mbega hagati ya ChannyQueen na Esther Nish ninde yatewe akadobo?? Bizobandanya Indirimbo yakorewe mu gikoni ca MasterMuzik,ikorwa n'umuhinyanyuzi Masterland.. Fyonda hano uyitege yompi,wironkere k'ubu buryohe ...
read more
Jan 10, 2018 0 comment

INKURU ISHUSHE:Mu majwi atera kumerereza aba bakobwa bakoze ivyo benshi dushaka

INKURU ISHUSHE:Mu majwi atera kumerereza aba bakobwa bakoze ivyo benshi dushaka
Ntivyari vyitezwe na gato ariko vyabaye, aho Pamy Queen na Beblina bakoze urunani abatari bake bakeza kuko vyabonetse kuva mu ndirimbo yabo yambere bashize ahabona k'uwu wa 10 nzero 2018.bise  ;"Mshuhulikiye" bikaba biboneka ko bari mubo twokwitegako ivyiza bitari bike mu misi iri imbere . 2 Beblina iburyo, Pamy Queen ibubamfu, nibo bagize umurwi The Queens .   Ntiturababaza uwabahanuye canke aho bakuye ico ciyumviro co kuja hamwe ariko icibonekeje n'uko ubucuti bari bafitanye kuva imbere bwavyaye umugwi mushasha muri ino industry ya Buja Flavor bise The Queens ,aho buguruje umwaka wa 2018 n'ino ndirimbo yoryohera umuntu wese akunda, akunzwe, umuntu wese afise ubunyamuntu kuko ari indirimbo y'umutima vy'ukuri,ikaba yatosowe neza mu majwi n'umudiho n'abahinyanyuzi b'inryamunyu Kane's Touch na Lil Evry Pro muri Studio ya Master Muzik isanzwe ishigikira abaririmvyi benshi.   Bikore nk'uwubimenyereye ufyonde kw'ino video musi uheze utege amatwi ...
read more
Dec 24, 2017 0 comment

NEW VIDEO| Wumvirije, ukaraba ivyo bakoze ntiwomenya ko ari Abarundi.

NEW VIDEO| Wumvirije, ukaraba ivyo bakoze ntiwomenya ko ari Abarundi.
6 Umuririmvyi w'umurundi asanzwe aba muri Leta zunze ubumwe za America azwi kw'izina rya Wind Divin,yiteturuye, yikora iyo bwaba, aritazura akora amashusho ku wayaravye wese atohengeshanya canke adehe kuvuga ko ari mu masanamu meza abaririmvyi b'abarundi basanzwe bakorera umuziki, inyuma y'igihugu(Diaspora) eka n'ababa mu gihugu bakoze muri uno mwaka wa 2017 .. Akaba ari indirimbo yakoranye n'umusore Ab Nabil asanzwe ari nawe yayoboye ayo mashusho abereye ijisho.. Indirimbo bakaba bayise "Wanune " ikorwa na Studio Master Muzik Records mu gisata Cayo gikora mu buryo ngurukanabumenyi "Online Workshop", ikorwa n'umuhinyanyuzi Masterland.. Tutabicishije inyota, fyonda kw'iyi Video namwe muyage ivyo mwiboneye.. Ntimwibagire kuyisangiza abandi.. (Share) https://www.youtube.com/watch?v=8hKvI4D-RzI
read more
Dec 24, 2017 0 comment

Igaruka rya AIME LOVENESS muri Mirror Team ribitse vyinshi.

Igaruka rya AIME LOVENESS muri Mirror Team ribitse vyinshi.
[caption id="attachment_871" align="alignnone" width="300"] MIRROR TEAM[/caption] Inyuma yaho agaragariye mu masanamu y'indirimbo nshasha y'umugwi MIRROR TEAM,umuririmvyi azwi kw'izina rya AIME LOVENESS aho hari haciye iringo kitari gito atangaje yuko avavanuye n'uyo mugwi,abakunzi b'umuziki ndundi bakomeje kwibaza ibibazo vyinshi kuri we bivanye n'ingene bamubonye kandi agarutse akangora akabonekana mu ndirimbo yabo nshasha bise NTUMBAZE. Amakuru ava mur'uwo mugwi aratumesha neza ko MIRROR TEAM bakorana nk'abavukanyi ,bigasigura yuko babanye nk'uko ari umuryango umwe. AIME ubwiwe tumubajije igituma yagarutse muri MIRROR TEAM yatubwiye yuko yari yahisemwo nabi,ahubwo aricuza n'igituma yaciye abishira ku mugaragaro mu kubitangaza bicire ku masamirizi n'imboneshakure. Yahejej atubwira yuko ashima Imana kubona yamugarukanye mu muryango wa MIRROR TEAM akemeza yuko bagiye gukora cane basize hamwe nkuko vyamye kuva kera. Bandanya uryoherwa n'indirimbo yabo nshasha bise ...
read more

Latest Reviews

    There are no reviews to display.
  • Video Premiere

    Sinzohinduka by Masterland

    Tambira amahoro, 1st Edition 2016

  • Like Us on FB

Close
Please support the site
By clicking any of these buttons you help our site to get better