Home » Posts tagged "Burundi"
Jun 18, 2018 0 comment

New Video | Mirror Team ku rundi rwego rwiza..

New Video | Mirror Team ku rundi rwego rwiza..
Birahimbaye cane iyo uzi ko uva mu gihugu nk'Uburundi ugaca ubona umunyagihugu araririmvye indirimbo nk'iyi, mu rurimi wumva, n'abantu uzi ko muva mu gihugu kimwe, abosore n'ibigeme beza vy'ukuri kuko aba ar'iteka, biranaryoha uri umunyamahanga utumva na kimwe ariko ukaraba amasanamu nkaya, bikiyumyura iyo wihebuye ko ataco uri butahure mu ndirimbo, ukumva bakorokejemwo utujambo turi mu rurimi rw'icongereza ugaheza ukitoramwo ukisangamwo, ntushake kuvamwo ukavuga nti ngumizayo..   Aho uba ubaye nka Mirror Team ;umurwi w'abasore bane ubwabo  baraye bashize ku mugaragaro indirimbo nziza cane, mu matwi ya benshi bumvirije ico gikorwa categuriwe muri #Master_Muzik, n'umuhinga Kanes's touch na TRICK on the beat eka kikaba kiriko kiranyura n'amaso ya benshi baravye amasanamu yahinyanyuwe n'umuhinga Landry SB     Ni umunezero wacu nk'uruganda rwa master-muzik.com kuguhamagarira kuraba ino #Video  Akaryo ni rwawe Fyonda aho ahari ishusho canke video, ...
read more
Jun 11, 2018 0 comment

New Song| Tuzobana indirimbo ukwiye gutunga muri Playlist yawe…

New Song| Tuzobana indirimbo ukwiye gutunga muri Playlist yawe…
Umugwi The Boss ugizwe n'abasore babiri bakiri bato batarakwiza n'imyaka 18  bisanzwe bavuka m ntara ya Mwaro  wifadikanije n'umuririmvyi Chino B nawe yataye uruzogi I Bubanza ;baratumbereye inzu ihinyanyura ya #Master_Muzik, nk'uko bama barakora, bakoze igikorwa twipfuje ko wogishira muri Playlist yawe ya misi yose.. Indirimbo yitwa tuzobana, igizwe n'amajambo meza caane aryohera ugutwi, agakora ku mutima k'uwuyumvirije na cane cane uwukunzwe canke akunze ..   N'indirimbo yahinyanyuwe na Lily Evry, kuva muri Master Muzik Records.. Tubikora kwakundi mu gufyonda kw'ino vidéo, duheze twumvirize canke tuvome(Download) runo ruririmbo   Ntitwibagira gufyonda kuri #Share dufashe gushika Kure cane runo rwaruka rushoboye.. https://youtu.be/kjXn2TcFxJ4  
read more
Apr 22, 2018 0 comment

Breaking News:Menya Avicii umu DJ w’icamamare mpuzamahanga yaraye aguye muri Oman..

Breaking News:Menya Avicii umu DJ w’icamamare mpuzamahanga yaraye aguye muri Oman..
Abavyeyi bamwise Tim Bergling,amenyekana kw'izina ry'ubuhizi nka Avicii,yari umunyamuziki w'umunyaswede,umuDJ ,Yasubiramwo indirimbo(Remix) akaba umwanditsi akaba yari n'umuhinyanyuzi w'indirimbo(Record Producer).. Yari mu banyamuziki binjiza igifyo c'amafaranga aho yitavye Imana aharura imiliyoni zigera kuri 85 z'amadollars, yinjiza aciye muri kompanyi yiwe ya Avicii na Universal Music Group yari asanzwe yarasinyanye amasezerano.. Imidiho yavuza ni EDM,Progressive House na Electro House ibicurarangisho yavuza ni Guitar,Piano,Keyboards,Synth,Fl Studio na Logic Pro Yakoranye cane na David Guetta,Wyclef Jean, Coldplay,Madona n'ibihangange vyinshi mu muziki mpuzamahanga.. Yavutse mu mwaka wa 1989 ,itariki 8,ukwezi kwa nyakanga,i stocholm mubuswede. Akaba yitavye Imana ku myaka 28 gusa, ku mutaga wo k'uwu wa 20 Ndamukiza ,2018 aho yaguye mu cumba yarimwo mu muji wa Muscat,mu gihugu ca Oman aho yasa n'uwalri mu karuhuko ,imvo z'urupfu rwiwe ...
read more
Apr 20, 2018 0 comment

Newz | Hagati ya Channy Queen na Esther Nish ninde bateye akadobo?

Newz | Hagati ya Channy Queen na Esther Nish ninde bateye akadobo?
Icambere n'abigeme basanzwe bafise amajwi atyoroye nk'ay'abamalayika atagira agasembwa n'ubunararibonye mu vya Live Music, vyatangaje benshi biranabanezera kwumva bahujwe n'indirimbo imwe, bayihurizamwo ubwo buryohe bw'amajwi yabo n'insubirajwi zitandukanye ..indirimbo babatije iina rya "Ntiyari uwanje" Mbeho ni kuber'iki iryo zina? UWumvirije ubutumwa naho ntawogenda atagize amakenga canke ngo areke kwibaza vyinshi narirya abatari bake bamaze kwibaza ko ubutumwa bwaririmbwemwo ari ubutumwa bwa nyabwo bimwe benshi bita True Story.. ,iyo ikaba ari inkuru yacu yohanyuma ,nkuko tugiye kubija imuzi tubamenyeshe iyo bija n'iyo biva nkuko twiyemeje kubaha inkuru ziri ku gihe kandi zitagira agasembwa.. mbega hagati ya ChannyQueen na Esther Nish ninde yatewe akadobo?? Bizobandanya Indirimbo yakorewe mu gikoni ca MasterMuzik,ikorwa n'umuhinyanyuzi Masterland.. Fyonda hano uyitege yompi,wironkere k'ubu buryohe ...
read more

Latest Reviews

    There are no reviews to display.
  • Video Premiere

    Sinzohinduka by Masterland

    Tambira amahoro, 1st Edition 2016

  • Like Us on FB

Close
Please support the site
By clicking any of these buttons you help our site to get better