Home » Artists » News|Arnovich yaraye yigaruriye umutima ...
May 30, 2018 0 comment

News|Arnovich yaraye yigaruriye umutima wa..

N’ikintu umuririmvyi wese aba aharanira, gukundwa, guhurumbirwa kwakirwa neza no kwitabwahwo na cane cane bigatera akamwemwe iyo ugitangura, kuko kenshi na kenshi biba ari bishasha mu maso yawe, ariko kandi ntawe bitoryohera kwumva canke kubona  ikintu gishasha mu matwi canke mu maso yiwe ;na cane cane iyo ari ciza canke kiryoheye ugutwi nk’izi ndirimbo z’uyu musore, ingabirano nshasha mbere benshi badatinya kuvuga kari ubutunzi mw’ihinguriro rya muzika ndundi ariwe Arnovich..

 

Ku ncuro yiwe ya Kane  yavugishije menshi benshi  mu ndirimbo yiwe ikiri nshasha yise Pole  Pole

Abakurikiranira hafi umuziki ndundi baragize ico bavuga kuwo muririmvyi adatinya kwiyita umuhungu wa Master Muzik narirya k’ariyo nzu iriko iramushigikira mu rugendo rwiwe,babicishije ku ma Status yabo barateye intege uwo muririmvyi eka abamenyeshamakuru n’amasamirizi barashigikira uwo muririmvyi mu kuvuza ururirimbo rwiwe ku rugero rwiza ico twokwita power play .

 

Tutakurandirije twashaka kuguha akaryo ko gukurikirana neza urwo ruririmbo rugizwe n’ubutumwa Bwiza cane, bwuzuyemwo impanuro nyinshi n’ukuri kubiba na cane cane mu migenderanire y’abantu n’abandi eka no mu ngo n’imiryango, yakozwe n’umuhinyanyuzi Lil Evry Pro mu nzu ya Master Muzik Records.. Yumvirize.. Ariko wibuke kuyisangiza abndi mu kugira Partage canke Share

Author:

Leave a Reply

Your Name*

Your Email*
Your Website

Comment

Latest Reviews

    There are no reviews to display.
  • Video Premiere

    Sinzohinduka by Masterland

    Tambira amahoro, 1st Edition 2016

  • Like Us on FB

Close
Please support the site
By clicking any of these buttons you help our site to get better