News| Noneho Clementine Kavy yaronse uwumwemeza aho vyakabereye.
Clementine Kavy, umwigeme ariko yemeza urwinshi rw’abakunzi ba Ndundi muzika
Benshi baratangazwa n’uyu mwigeme ukwo agenda yigaragaza mu kibuga ca muzika ndundi ukwo bukeye ukwo bwije ,ariko ico benshi bahurizako n’uko ari umwigeme atari uwo kwirengagiza tukabibutsa ko ari nawe mwigeme yaserukiye intara ya Cankuzo asanzwe avukamwo imyaka ibiri yose mw’ihiganwa Primusic. Kuva ku ndirimbo yumvikanyemwo ubwambere Romantic Cover yari yabaye neza na neza Tiwa Savage, bamwe bati abo ni bamwe basubiramwo ivy’abandi batokora ivyabo ngo burakeye tubirabe ariko umwana w’abakobwa ntiyatevye aho yabigarutsemwo neza agira ati:“Uranyemeza.” mu mudiho mwiza, mu majambo anoboye, mu kajwi karyoheye ugutwi, abifashijwemwo na Studio asanzwe akoreramwo kenshi ya Master Muzik Records aho yakorewe na Masterland na Evry Pro yarabikoze aho gushika n’ubu iyo ndirimbo icikugurwa aho vyabonekeye mu giteramo co kuri Lacosta Beach co kuwa 07/07/2018 cari categuwe n’umuririmvyi yamamaye Sat-B basanzwe bafitaniye ubucuti mbere benshi bibazako vyinshi..
Clementine Kavy yarakoze ivyo batamwitegako muri Indoto Concert kuri Lacosta beach, (ifoto yafashwe na ©Akeza.net)
Aho twamubaza ku bucuti bw’iwe na Sat-B yatwishuye mu majambo magufi ngo:“n’umugenzi bidahambaye” ,ariko tukaba tuzobandanya tubibatohoreza ivy’iyo nkuru kuko binavurwa ko bafitanye umugambi wo kuzoha abakunzi babo indirimbo basangiye, ikintu coryohera abakunzi babo bidasubirwako..
Fyonda Kuri Video wumve, unanyakure (Download) indirimbo Uranyemeza Clementine Kavy aherukirako gusohorera muri Master Muzik Records. Uheze ugire ico uvuze. (J’aime & Partage)