New Video | Mirror Team ku rundi rwego rwiza..
Birahimbaye cane iyo uzi ko uva mu gihugu nk’Uburundi ugaca ubona umunyagihugu araririmvye indirimbo nk’iyi, mu rurimi wumva, n’abantu uzi ko muva mu gihugu kimwe, abosore n’ibigeme beza vy’ukuri kuko aba ar’iteka, biranaryoha uri umunyamahanga utumva na kimwe ariko ukaraba amasanamu nkaya, bikiyumyura iyo wihebuye ko ataco uri butahure mu ndirimbo, ukumva bakorokejemwo utujambo turi mu rurimi rw’icongereza ugaheza ukitoramwo ukisangamwo, ntushake kuvamwo ukavuga nti ngumizayo..
Aho uba ubaye nka Mirror Team ;umurwi w’abasore bane ubwabo baraye bashize ku mugaragaro indirimbo nziza cane, mu matwi ya benshi bumvirije ico gikorwa categuriwe muri #Master_Muzik, n’umuhinga Kanes’s touch na TRICK on the beat eka kikaba kiriko kiranyura n’amaso ya benshi baravye amasanamu yahinyanyuwe n’umuhinga Landry SB
Ni umunezero wacu nk’uruganda rwa master-muzik.com kuguhamagarira kuraba ino #Video
Akaryo ni rwawe Fyonda aho ahari ishusho canke video, uheze wibonere, canke winyakurire (Download) indirimbo “Ngumizayo” ya Mirror team, kandi ntiwibagire gufyonda #Like na #Share abagenzi bawe bayibone.