New Song | Turagutumiriye kwumviriza iyi ndirimbo African Beauty | BNB30
Abasore bagize umugwi BNB30.
Turashobora kuvuga ko bidasaba ng’ugire izina rinini kugira usohore ururimbo ruryoshe canke uririmbe neza. BNB30 n’abasore Batatu baririmba neza bishize hamwe, k’uwuriko arasoma ino nkuru urashobora kwibaza ikidasanzwe kiri mu kuba barakoze umugwi, ariko ikidasanzwe kiri mu kuba uwo mugwi waje ugutandukanye n’iyindi yose, aho mu ndirimbo yabo bumvikanyemwo nk’ubwambere; mu congereza ciza, n’igifaransa wokwibaza ko ari abanyaburaya bagize Bati “African Beauty”, vyumvikana ko bafise ubudasa twovuga ko batuzaniye bishasha, kandi bikazobaha amahirwe yo gukora umuziki twovuga njabukamazi .
Baratumbereye Studio ya Master Muzik Records, babakirana iminwe yompi, baraheza babakinjikira ino ndirimbo uno musi tugutumiriye kwumviriza no kuyisangiza incuti zawe kuko twizeye kw’iza kukuryohera.