New Audio: Uretse kwumviriza uru ruririmbo rwa Arnovich ntiwoba ukunda indirimbo ndundi.
Biragoye kumenya igituma umuririmvyi nk’uyu atameze canke ahabwa umwanya ungana n’abaririmvyi nka Big Fizzo, Natasha, Masterland n’abandi mu bimenyeshamakuru, mu masamirizi n’ahandi ariko inyishu si iyakure; n’imwe n’uko akiri mushasha ,ariho agiseruka ariko vy’ukuri ntawodeha kuvuga k’ari mu vyirori umuziki ndundi ufise nka kagakoni ko mu busaza ,afise vyose umuririmvyi asabwa kugira abe akwije vyose, n’umucuraranzi, yandika neza nk’uwuvyigisha ,afise ijwi risinziriza abana harya ku mutaga afise kandi n’ubumenyi kuko asanzwe yiga muri kaminuza mu mwaka wa kabiri ..
Aka rero n’akaryo keza ko kumenya no guhura n’uwo muririmvyi akiri muto ariko ashoboye asanzwe avuka mu ntara nshasha ya rumonge ahazwi nko ku mashuha; yadusohoreye indirimbo igira 3;k’uwu wa 12/01/2018 muri Master Muzik Records ihuriro ry’ingabirano.. mu kuboko kwa Lil Evry na Masterland havutse indirimbo nk’iyi mugira mwumvirize, yasohotse kw’izina rya “Warawutwaye”..
Warawutwaye, nirwo ruririmbo ruhurikiyemwo ubutumwa bw’inkoramutima atowokwirengagiza kwumviriza.
Tutarandiriye, fyonda Kuri video musi uraheza nawe ugire ico uvuze kuko twayishiriyeko wewe uriko usoma iyi nkuru ,ntiwibagire kuyisangiza abandi (Partage et Aimé)
👇👇👇
Ni vyo ark n’akomeze ejo si kera
ndamwishimiye, big up