
N'ikintu umuririmvyi wese aba aharanira, gukundwa, guhurumbirwa kwakirwa neza no kwitabwahwo na cane cane bigatera akamwemwe iyo ugitangura, kuko kenshi na kenshi biba ari bishasha mu maso yawe, ariko kandi ntawe bitoryohera kwumva canke kubona ikintu gishasha mu matwi canke mu maso yiwe ;na cane cane iyo ari ciza canke kiryoheye ugutwi nk'izi ndirimbo z'uyu musore, ingabirano nshasha mbere benshi badatinya kuvuga kari ubutunzi mw'ihinguriro rya muzika ndundi ariwe Arnovich..
Ku ncuro yiwe ya Kane yavugishije menshi benshi mu ndirimbo yiwe ikiri nshasha yise Pole Pole
Abakurikiranira hafi umuziki ndundi baragize ico bavuga kuwo muririmvyi adatinya kwiyita umuhungu wa Master Muzik narirya k'ariyo nzu iriko iramushigikira mu rugendo rwiwe,babicishije ku ma Status yabo barateye intege uwo muririmvyi eka abamenyeshamakuru n'amasamirizi barashigikira uwo muririmvyi mu kuvuza ururirimbo rwiwe ku rugero rwiza ico twokwita power play ...
read more