
Indirimbo abantu iri mu mudiho wa reggae niyo umuririmvyi asanzwe ari imvukira y'intara ya Gitega aje azanye nk'inzimano ya 2016 ku bakunzi biwe,
Nkuko avyitangariza nyeneyo aramenyesha ko yari kuba nk'icaha iyo ateba kwishikira muri Studio Master Muzik kwa MasterLand umuhinyanyuzi yakoze ino ndirimbo nyene,nkuko ng'ariwe asanzwe amukorera indirimbo zose kandi zishimwa caane n'abakunzi b'uwo muririmvyi Chris Biz asanzwe anamenyesha ko atazigera atezura gukorera mw'iyi studio Master Muzik kuko ngo ataco yayiburanye.
Bakunzi b'urubuga rwacu master-muzik.com murashobora kwironkera ino ndirimbo abantu ubwambere muyikuye kuri runo rubuga nk'uko twabemereye ko muzoza murironkera ibikorwa vyo muri Master Muzik ubwambere bikimota ubushasha.
Fyonda hano hasi mwironkere muniyumvire indirimbo Abantu By Chris Biz.hama ntimwibagire gufyonda Like na partager kuri page yacu ya Master Muzik Records
[audio ...
read more