Hano hari mu kiganiro ku mboneshakure Lemigo yo mugihugu c'urwanda
Masterland amazina yiwe y'ukuri yitwa Ngendakumana Armel Chabel Marial akaba yavukiye mu ntara ya Muramvya, commune Muramvya itariki 23 z'ukwezi kwa gatanu 1996 avuka mu muryango w'abana indwi abahungu batatu n'abigeme bane
Aha ni Masterland akiri muto ari kumwe n'umuvyeyi wiwe Nyina amuvyara, iburyo naho ni mutoyi wiwe Aimée nawe asanzwe afise impano yo kuririmba ikomeye.
Inyuma y'umwaka umwe gusa, umuryango wiwe waje kwimukira mu ntara ya ngozi aho yakuriye icatumye benshi mbere bamwita umunyengozi ibintu nawe yishimira kuko avuga ko Ngozi ariyo ngovyi yamuhetse, bere ryamwonkeje
Inyuma y'imyaka itatu 1999 niho yatangura ishure, aho yize Gardiène(Amashure yo kwimenyereza) kuri Ecole Esperance y'i Ngozi mu nyuma yaje kwitwa collège Esperance. Muri 2001 aca atangura amashure y'intango (Primaire) kuri Ngozi 1 aho yaje guhereza umwaka w'agatandatu muri 2007 adasibiye na rimwe, niho yaciye ...
read more