Ntivyari vyitezwe na gato ariko vyabaye, aho Pamy Queen na Beblina bakoze urunani abatari bake bakeza kuko vyabonetse kuva mu ndirimbo yabo yambere bashize ahabona k'uwu wa 10 nzero 2018.bise ;"Mshuhulikiye" bikaba biboneka ko bari mubo twokwitegako ivyiza bitari bike mu misi iri imbere .
2
Beblina iburyo, Pamy Queen ibubamfu, nibo bagize umurwi The Queens .
Ntiturababaza uwabahanuye canke aho bakuye ico ciyumviro co kuja hamwe ariko icibonekeje n'uko ubucuti bari bafitanye kuva imbere bwavyaye umugwi mushasha muri ino industry ya Buja Flavor bise The Queens ,aho buguruje umwaka wa 2018 n'ino ndirimbo yoryohera umuntu wese akunda, akunzwe, umuntu wese afise ubunyamuntu kuko ari indirimbo y'umutima vy'ukuri,ikaba yatosowe neza mu majwi n'umudiho n'abahinyanyuzi b'inryamunyu Kane's Touch na Lil Evry Pro muri Studio ya Master Muzik isanzwe ishigikira abaririmvyi benshi.
Bikore nk'uwubimenyereye ufyonde kw'ino video musi uheze utege amatwi ...
read more