Hari itariki nkiyi, igenekerezo rya 5 Rusama niho isi yabona abanyamateka nka Fancine Niyonsaba, Umuririmvyi Kook-K.
Duhereye kuri Francine ivyiwe ntawobivuga ngo abiheze, ariko numwigeme adahagarika ijoro n'umutaga kumenyakanisha Uburundi mumakungu, mugitwara imidari yinzahabu kwiyi yose nibindi vyinshi tutovuga ngo duheze! MASTERMUZIK ENT. Tukaba tumwipfurije isabukuru nziza Imana imwongerereze imisi myinshi yo kubaho.
Uyu nawe ni Kook-K nawe amateka yiwe simake aho yerekanye ubushobozi bwiwe muri Entertainment yumuziki w'Uburundi, akaba ari Producteur, Chanteur, Director nayandi mabanga atandukanye. Nawe nyene tukaba tumwipfurije isabukuru nziza Uhoraho akomeze kumuha inguvu nimigisha mwinshi muvyo akora vyose!
MASTER MUZIK ENT. yipfurije isabukuru nabandi bose bavutse kuri ino tariki aho bari hose Imana ibongerereze imisi yo kubaho, mubeho mumunezero n'imigisha.
read more