
Inyuma yindirimbo "FEEL LOVE" yabiciye bigacika mugihugu cuburundi aho yabaye n'indirimbo y'ukwezi kuri Radio RFM.
Munyuma haribonekeje umu rappeur azwi kwizina rya Tylo Sixer, aho yavuga acishije kurubuga gwiwe gwa Facebook ko Sat-B yamuhemukiye ko bari kuyikorana iyo ndirimbo.
Abantu benshi bibajije ko uwo musore ashaka kumenyekana abicishije kuri Sat-B.
Ariko bukeye Sat-B nawe abicishije kurubuga gwiw gwa Facebook avuga ko uwo umusore atomutuka ahubwo yomwegera bagakora Collabo akanamurihira vyose.
Mukiganiro yakoranye na Ami Pro kuri Buja FM mukiganiro Hit Connetion Sat-B yisguye asubiramwo ivyo yanditse ko yiteguye gukorana nuwo musore.
Ibikurikira tuzobandanya kubibamenyesha.
read more