Home » Artists
Jun 10, 2018 0 comment

New Video| Menya nawe uwo B-face yavuze mu ndirimbo yiwe nshasha Freestyle.

New Video| Menya nawe uwo B-face yavuze mu ndirimbo yiwe nshasha Freestyle.
Umuririmvyi w'umudiho wa Hip Hop ariko aravyitwaramwo neza cane, ariwe B-face, nk'uko benshi batodeha kwemanga akazi n'ubwira bw'uwo musore;yasubiye kubikora mu ndirimbo yasohotse ishishiriye irikumwe n'amasanamu ameze neza cane . Yayise Freestyle, indirimbo yaje abatari bake bayishashaye, bivanye n'uko bari biteze ko havurwamwo ibimaze imisi bimuvurwako vy'uko atari mu mubano mwiza na management yiwe,bamwe bakibaza kw'arivyo bivanye n'uko yasohotse ata kiranga canke izina rya Label vyari bizwi ko asanzwe abarizwamwo, ayo n'amakuru tuzobandanya tubatohoreza hanyuma. Iyo ndirimbo ikaba yakozwe amasanamu n'umuhinyanyuzi yifashe neza Brian Smith, amajwi akaba yakorewe muri Hope Talent na Endo Mike the machine. Raba wongere wumvirize ako kazi kakozwe n'uwo musore benshi bita mzee wa ma Freestyle.. Ntimwibagire no kuyisangiza abandi.. https://youtu.be/DDiPi1T9BeY  
read more
May 30, 2018 0 comment

News|Arnovich yaraye yigaruriye umutima wa..

News|Arnovich yaraye yigaruriye umutima wa..
N'ikintu umuririmvyi wese aba aharanira, gukundwa, guhurumbirwa kwakirwa neza no kwitabwahwo na cane cane bigatera akamwemwe iyo ugitangura, kuko kenshi na kenshi biba ari bishasha mu maso yawe, ariko kandi ntawe bitoryohera kwumva canke kubona  ikintu gishasha mu matwi canke mu maso yiwe ;na cane cane iyo ari ciza canke kiryoheye ugutwi nk'izi ndirimbo z'uyu musore, ingabirano nshasha mbere benshi badatinya kuvuga kari ubutunzi mw'ihinguriro rya muzika ndundi ariwe Arnovich..   Ku ncuro yiwe ya Kane  yavugishije menshi benshi  mu ndirimbo yiwe ikiri nshasha yise Pole  Pole Abakurikiranira hafi umuziki ndundi baragize ico bavuga kuwo muririmvyi adatinya kwiyita umuhungu wa Master Muzik narirya k'ariyo nzu iriko iramushigikira mu rugendo rwiwe,babicishije ku ma Status yabo barateye intege uwo muririmvyi eka abamenyeshamakuru n'amasamirizi barashigikira uwo muririmvyi mu kuvuza ururirimbo rwiwe ku rugero rwiza ico twokwita power play ...
read more
Apr 22, 2018 0 comment

Breaking News:Menya Avicii umu DJ w’icamamare mpuzamahanga yaraye aguye muri Oman..

Breaking News:Menya Avicii umu DJ w’icamamare mpuzamahanga yaraye aguye muri Oman..
Abavyeyi bamwise Tim Bergling,amenyekana kw'izina ry'ubuhizi nka Avicii,yari umunyamuziki w'umunyaswede,umuDJ ,Yasubiramwo indirimbo(Remix) akaba umwanditsi akaba yari n'umuhinyanyuzi w'indirimbo(Record Producer).. Yari mu banyamuziki binjiza igifyo c'amafaranga aho yitavye Imana aharura imiliyoni zigera kuri 85 z'amadollars, yinjiza aciye muri kompanyi yiwe ya Avicii na Universal Music Group yari asanzwe yarasinyanye amasezerano.. Imidiho yavuza ni EDM,Progressive House na Electro House ibicurarangisho yavuza ni Guitar,Piano,Keyboards,Synth,Fl Studio na Logic Pro Yakoranye cane na David Guetta,Wyclef Jean, Coldplay,Madona n'ibihangange vyinshi mu muziki mpuzamahanga.. Yavutse mu mwaka wa 1989 ,itariki 8,ukwezi kwa nyakanga,i stocholm mubuswede. Akaba yitavye Imana ku myaka 28 gusa, ku mutaga wo k'uwu wa 20 Ndamukiza ,2018 aho yaguye mu cumba yarimwo mu muji wa Muscat,mu gihugu ca Oman aho yasa n'uwalri mu karuhuko ,imvo z'urupfu rwiwe ...
read more
Apr 20, 2018 0 comment

Newz | Hagati ya Channy Queen na Esther Nish ninde bateye akadobo?

Newz | Hagati ya Channy Queen na Esther Nish ninde bateye akadobo?
Icambere n'abigeme basanzwe bafise amajwi atyoroye nk'ay'abamalayika atagira agasembwa n'ubunararibonye mu vya Live Music, vyatangaje benshi biranabanezera kwumva bahujwe n'indirimbo imwe, bayihurizamwo ubwo buryohe bw'amajwi yabo n'insubirajwi zitandukanye ..indirimbo babatije iina rya "Ntiyari uwanje" Mbeho ni kuber'iki iryo zina? UWumvirije ubutumwa naho ntawogenda atagize amakenga canke ngo areke kwibaza vyinshi narirya abatari bake bamaze kwibaza ko ubutumwa bwaririmbwemwo ari ubutumwa bwa nyabwo bimwe benshi bita True Story.. ,iyo ikaba ari inkuru yacu yohanyuma ,nkuko tugiye kubija imuzi tubamenyeshe iyo bija n'iyo biva nkuko twiyemeje kubaha inkuru ziri ku gihe kandi zitagira agasembwa.. mbega hagati ya ChannyQueen na Esther Nish ninde yatewe akadobo?? Bizobandanya Indirimbo yakorewe mu gikoni ca MasterMuzik,ikorwa n'umuhinyanyuzi Masterland.. Fyonda hano uyitege yompi,wironkere k'ubu buryohe ...
read more
Feb 09, 2018 0 comment

Exclusive InterviewlMasterland uyu mwaka ngo ntazobatezurira na gato.

Exclusive InterviewlMasterland uyu mwaka ngo ntazobatezurira na gato.
Bwnshi twarumvise amakuba y'ísanganya ryashikiye umuririmvyi akunzwe akaba n'úmuyobozi wa Master Muzik Group,mu ntango z'úkwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze,uyu musi twagiriwe ibakwe ryo guhura nawe aho ,yatuganirije kuri vyinshi mu vyo benshi dufise nkíbibazo. Mbega Masterland wa 2017 na 2018 bazotandukanira he? Mbega Masterland arasubira gukora production nko mu myaka iheze? Aho nákahe karusho Master Muzik ifise kotuma urengana ahandi hose ukabatumbera? Ntakindi atari kuraba ino Video yose umurava. Ntiwibagire gusiga iciyumviro cawe muri Comments no kudufasha gusangiza ino kuru abandi(Like & Share)
read more

Latest Reviews

    There are no reviews to display.
  • Video Premiere

    Sinzohinduka by Masterland

    Tambira amahoro, 1st Edition 2016

  • Like Us on FB

Close
Please support the site
By clicking any of these buttons you help our site to get better