Home » Artists » Breaking News:Menya Avicii umu DJ w̵...
Apr 22, 2018 0 comment

Breaking News:Menya Avicii umu DJ w’icamamare mpuzamahanga yaraye aguye muri Oman..

Abavyeyi bamwise Tim Bergling,amenyekana kw’izina ry’ubuhizi nka Avicii,yari umunyamuziki w’umunyaswede,umuDJ ,Yasubiramwo indirimbo(Remix) akaba umwanditsi akaba yari n’umuhinyanyuzi w’indirimbo(Record Producer)..

Yari mu banyamuziki binjiza igifyo c’amafaranga aho yitavye Imana aharura imiliyoni zigera kuri 85 z’amadollars,
yinjiza aciye muri kompanyi yiwe ya Avicii na Universal Music Group yari asanzwe yarasinyanye amasezerano..

Imidiho yavuza ni EDM,Progressive House na Electro House

ibicurarangisho yavuza ni Guitar,Piano,Keyboards,Synth,Fl Studio na Logic Pro

Yakoranye cane na David Guetta,Wyclef Jean, Coldplay,Madona n’ibihangange vyinshi mu muziki mpuzamahanga..

Yavutse mu mwaka wa 1989 ,itariki 8,ukwezi kwa nyakanga,i stocholm mubuswede.

Akaba yitavye Imana ku myaka 28 gusa, ku mutaga wo k’uwu wa 20 Ndamukiza ,2018 aho yaguye mu cumba yarimwo mu muji wa Muscat,mu gihugu ca Oman aho yasa n’uwalri mu karuhuko ,imvo z’urupfu rwiwe zikaba zitaramenyekana.

Yamenyekanye kw’isi yose mu ndirimbo nka ,1)Wake me up yarabwe incuro zirenga hafi imiliyaridi zibiri kuri YouTube yiwe ,yari muri album yiwe yambere “True” aho yifatiye isi iragurwa cane iba iyambere kw’isoko mu bihugu 15.bikomeye kw’isi nka Australia,Swede, ubudagi,ubufaransa,ububirigi,3Danemark eka no muri Leta zunze ubumwe za Amerika

Yagenywe akarenga kabiri mu mahiganwa akomeye kw’isi ya Grammy Award,Billboard charts, American Music Awards, n’izindi nyinshi..

Akaba yarakoranye n’amashirahamwe akomakomeye nka Coca Cola mu ndirimbo yabo ihayagiza ico kinyobwa”Taste the feeling”
,aratumirwa mu ma sabukuru akomakomeye menshi ,ibiteramo injojo no mu gikombe c’isi comu 2014..

Akaba yitavye imana yaramaze imyaka ibiri ahagaritse ku mugaragaro akazi kiwe ka muzika biturutse ku burwayi bukomeye bw’urwagasha yatewe no kunwa inzoga z’umurengera yanwa,aho yabwiye ikinyamakuru c’abanyamerika The Hollywood Reporter yagize ati:

”ni kubw’imvo z’amagara yanje,ivy’umuziki ntivyari ivyanje,simvuga ibiteramo vy’umuziki ariko ndavuga riho ibibera hambavu,nabihagaritse ,ntivyigeze binyorohera,nahahuriye na vyinshi bitari vyiza….”

Akaba yari asanzwe yarakuwemwo n’igihimba c’umubiri citwa Appendis

Uruganda rwa master-muzik.com tukaba duhojeje umuryango,abakunzi biwe n’abumuziki muri rusangi,tunamwipfurije kuruhuka mu mahoro…

raba Wake me up,imwe mu ndirimbo ziwe zabiciye bigacika

Author:

Leave a Reply

Your Name*

Your Email*
Your Website

Comment

Latest Reviews

    There are no reviews to display.
  • Video Premiere

    Sinzohinduka by Masterland

    Tambira amahoro, 1st Edition 2016

  • Like Us on FB

Close
Please support the site
By clicking any of these buttons you help our site to get better